Muramvya : Abagirizwa kwica umuntu bafashwe

Abantu 2 bagirizwa kwica uwitwa Innocent NIVYAYO wo ku mutumba Busimba mu ntara ya Muramvya bafashwe n’abajejwe umutekano muribo hakaba harimwo umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Busimba « Lycee Communal Busimba. »

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bafashwe ari Ngendakuriyo Anthère asanzwe ari umuyobozi w’iryo shure ryisumbuye hamwe n’uwitwa Nsavyimana Salvator batazira Kibarati yarasanzwe adadanza mu bunywero bwaho Busimba.

Ayo makuru avuga ko abo bafashwe uko ari 2 bose bari ku kirindiro c’igiporisi c’i Muramvya.

Innocent NIVYAYO afise imyaka 44 akaba yishwe hakoreshejwe imipanga.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!