Muramvya:Uwagirizwa kwica umuntu yaciriwe urubanza

Sentare Nkuru y’Igihugu y’intara ya Muramvya mu ntahe y’ikibiriraho yaciriye umunyororo wo guherayo uwitwa NGENDAKIRIYO Anthere yagirijwe icaha co kwica uwitwa NIVYAYO Innocent yabiteguye.

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako NGENDAKIRIYO Anthere yishe Innocent NIVYAYO amutemye izosi akoresheje umuhoro.

Ayo makuru abandanya avuga ko uwitwa NDAYIRAGIJE Caritas nawe yahanishijwe n’iyo sentare gufungwa imyaka 20 ku caha co gufasha murubwo bw’icanyi.

Bivugwako uwitwa NSAVYIMANA Salvator, NDUWIMANA Vianney hamwe na BUKURU André bejejwe n’iyo sentare ku caha co kugira uruhara murubwo bwicanyi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!