Muyinga –Gasorwe :Abantu babiri bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka

Abantu babiri nibo bakomeretse kuruno wa kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019 inyuma yaho imodoka yo mu bwoko bwa Rumoroke yatemvye ihejeje guhusha inzira igeze ahitwa Rukinzo muri komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako iyo modoka ya rumoroke ihejeje gutemba yaciye ifatwa n’umuriro irasha irononekara cane.

Ayo makuru avuga ko ibintu bimwe vyari muriyo modoka bitononekaye bicungerewe n’abajejwe umutekano kugira ntihagire ababisahura.

Bivugwako abo bantu babiri bakomeretse harimwo uwariko agendesha iyo modoka batwawe ku bitaro vyo mu ntara ya Ngozi aho bariko baravurirwa.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!