Muyinga-Giteranyi :Uwagirizwa kugira imigenderanire n’umugore w’uwundi muntu yishwe

Umuntu yitwa NDAYIZEYE Zacharie wo ku musozi Kijumbura zone Masaka muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga ,yapfuye inyuma yaho akubiswe inkoni ku mutwe n’uwitwa HABIMANA Pascal inyuma yo kumwagiriza ko afise imigenderanire n’umugore wiwe yitwa Jeanine NSENGIYUMVA.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako Pascal HABIMANA yasanze Zacharie NDAYIZEYE ku bunywero bwiwe aba ariho amukubitira .

Ayo makuru abandanya avuga ko Zacharie NDAYIZEYE yapfuye yamaze gushikanwa kw’ivuriro ryitwa Masaka ,Pascal HABIMANA nawe yaciye afatwa ubu ari mu minwe y’igiporisi kugira hakorwe amatohoza.

Bivugwako umugore wa Pascal HABIMANA ariwe Jeanine NSENGIYUMVA nawe nyene ari mu maboko y’abajejwe umutekano mu ntumbero yo kumukingira.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!