Nijeriya : Muhammadu Buhari yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Nijeriya wemeje ko Muhammadu Buhari ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi arenga imiriyoni 15 mu gihe umugambwe bari bahanganye PDP waronse amajwi angana imiriyoni 11.

Iradiyo BBC ivuga ko hafi reta zishika 36 zigize ico gihugu ca Nijeriya zatoye kandi umugambwe wa Muhammadu Buhari waronse intsinzi muri reta 19 mu gihe uwo bari bahangaye murayo matora waronse intsinzi muri reta 17 hamwe no ku murwa mukuru w’ico gihugu Abuja.

Muhammadu Buhari yashikirije ko iki kiringo gishasha atowemwo azokwitaho cane kubijanye n’umutekano,ubutunzi bw’igihugu hamwe no kugwaya igiturire.

Muhammadu Buhari yigeze kuba umukuru w’intwaramiheto yico gihugu,afise imyaka 76 y’amavuka ,akaba yatanguye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2015 agirako arayatsinda asumbije uwagitwara ico gihe Goodluck Jonathan.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!