Ntamuporisi yemerewe kwinjira mu bunywero yambaye umwambaro w’igiporisi

Ubugenduzi bukuru bw’igiporisi c’igihugu c’Uburundi (Inspection generale de la police) bwafashe ingingo zibuza abaporisi kugendana ibisasu ntwenzantoki(Grenade) kandi ko ivyo bisasu bitegerezwa kuba biri mu bubiko aho bitegekanywa ko uwuzobirengako azofatwa nk’inkozi y’ikibi.

Mu rwandiko inomero 215.01/295 IGPNB/2019 rujanye n’ingingo z’umutekano umugenduzi mukuru w’igiporisi yandikiye abayobozi batandukanye b’igiporisi c’Uburundi avuga ko abajejwe igiporisi babwirizwa kugenzura yuko inkoho zifatirwa mu bikorwa vy’amasaka suzuma zishikanwa mu bubiko bwabigenewe, bibujijwe ko umuporisi agiye mu karuhuko agenda atwaye inkoho yiwe kandi ubu akaba ata muporisi yemerewe kwinjira mu bunywero yambaye umwambaro w’igiporisi canke afise inkoho.

Ivyo bibaye inyuma yaho ku musi wa gatandatu hari umuporisi yashwanye nabo barikumwe mu bunywero aca arabarasa bane baraho barapfa abandi 4 nabo barakomereka.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • misigaro
    2019-03-14 09:28:49

    niba mudashoboye gukuraho igiturire mu giporisi nimutegeke amahera Maximum atangwa nk’igiturire

  • Niyonkuru
    2019-03-08 20:01:35

    Nukur Iy Ngngo Ifashwe Hagez Mughe Hashbora Kub Har Umupolis Ashbra Kwgenz Kubenegihugu Ngo Nuk Afise Ikigwanish

  • Felix Nibigira
    2019-03-07 15:13:48

    Birateye isoni kumabarabara hose twebwe abatwara imiduga turagowe kuko igihe cose twakwa amahera ngo impapuro ntizikwiye ngo iki niki kirabuze Route Bugarama Ngozi hoho birateye ubwoba. Dusigaye turi muri Kongo.Irihe tolerance Zero. Birateye ubwoba.

  • nyabenda
    2019-03-05 17:36:21

    twosaba nabapolisi
    bakorera kuri aeroport de Bujumbura ko bogabanya gusaba ibiturire
    bararengeje
    barigenza ngo umuntu yarengenje i biro vyingala
    batigera bavuga ibiro umuntu adashobora kurenza
    bishobotse bobahindura bose
    baze baragira rotation
    bareke kumenyerana na basohoka
    ntakundi ibiturire bizogabanuka mu Burundi
    murakoze

  • nyabenda
    2019-03-05 17:18:55

    Twosaba
    abarongoye
    igipolisi nigisoda ko bobabuza kunywa inzoga mu masaha yakazi
    birateye ubwoba
    mubabare bwose ubasangayo
    mu gihugu cose

  • Busurahende
    2019-03-05 09:33:48

    Ni kuki mu Burundi hama hafatwa ingingo amazi yaramaze kurenga inkombe ? Nta n’umwe atazi yuko ico gipolisi ari isoko ry’umutekano muke w’abanyagihugu. Ku ma bariyeri baranyaga abantu babaka amahera ngo bariko bacunga umutekano, ukibaza uti mbe ayo Leta ibahemba ntababumba ? Utabahaye ni ingorane, na rirya abategetsi ataco bibabwira ; iyo abanyagihugu birwanyeko eeh mama ngo bagomba kwaka abapolisi inkoho...