Nyakabiga : Umurwi w’abasuma 6 wafashwe

Umurwi ugizwe n’abasuma 6 wiba imiduga waraye ufashwe n’igiporisi igihe c’isaha zitanu n’iminota 45 buca ari kuruyu wa gatatu muri zone ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu bushikiraganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko uwo murwi w’abantu 6 wafashwe uri mu modoka yo mu bwoko bwa TI ufise imparati F3998 ikaba yaririmo uduti tw’urumogi dushika 35.

Ayo makuru abandanya avuga kandi ko umukuru w’uyo murwi yitwa Kevin Nikwibitanga asanzwe aba aho nyene mu Nyakabiga ya mbere kw’ibarabara rya 6 akaba azwi cane mubijanye n’ubusuma bw’imodoka.

Bivugwa ko abo bafashwe bose bari ku kirindiro c’igiporisi co mu Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura kugira hakorwe amatohoza kugira bashikirizwe inzego za reta zibijejwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • NDIKUMANA
    2019-01-28 06:51:53

    NIBAHANWA NAMATEGEKO BAHASHWE

  • Nahayo
    2019-01-19 12:47:43

    Amakuru yuwu musi le 19/01/2019

  • 79316628
    2019-01-14 23:52:46

    Message.ABASUMANYAKABIGA