Nyanza -Lac :Musitanteri asaba imigambwe ikorera muriyo komine kudakorera mu mazu bakose

Musitanteri wa komine Nyanza lac Jean Claude NDUWIMANA asaba abarongoye imigambwe bose bipfuza kugurura ingoro z’imigambwe ku mitumba canke mu mazone ari muriyo komine ko basabwa kugura ibibanza vyabo bwite kugira bubake aho bakorera ibijanye no gukota amazu bakoreramwo bibujijwe.

Mw’itangazo musitanteri wa komine Nyanza lac yasohoye kw’igenekerezo rya 15 Nzero umwaka wa 2019,Jean Claude NDUWIMANA avuga ko ata mugambwe ukorera muriyo komine wemerewe gukota aho ukorera eka n’imigambwe isanzwe ikose aho ikorera ayo mazu yugawe.

Uwo musitanteri wa komine Nyanza lac avuga kandi ko abakozi b’Imana nabo nyene basabwa kugura ibibanza bubakamwo amasengero yabo abasengera mu nzu z’abantu canke mu mashure bibujijwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!