PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro biheruka kuba i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ataco vyashitseko kuko hari uruhande rumwe rwavyitavye hamwe n’urundi rutitavye ivyo biganiro.

Mu kiganiro umukuru wa PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Gitugutu umwaka wa 2018,Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibibazo vy’ubutunzi,imibano hamwe n’ivya poritike igihugu gifise ubu bidashobora gutorerwa umuti mu mezi 18 asigaye kugira amatora abe.

Faustin NDIKUMANA avuga ko inzego zotorwa mu matora ya 2020 arizo zonyene zofasha gukuraho ivyo bibazo vyo mu gihugu.

Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko niyo habura inzego mu mwaka wa 2020 zishobora gutorera ibibazo igihugu kirimwo igihugu hamwe n’abanyagihugu bazoba bahuye n’ivyago bikomeye.

Faustin NDIKUMANA atera akamo abo vyega bose kwikubita agashi kugira inzego zizotorwa zizoshobore gutorera umuti ibibazo biriho.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!