PRIMUS LIGUE : Umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga inyuma yo gutsinda Atletico Olympique

Umurwi wa Aigle Noir waraye utahukanye amanota 3 inyuma yo gutsinda umurwi wa Atletico Olympique mu kuwutsinda ibitsindo 2 kuri 1 c’umurwi wa Atletico Olympique mw’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue bikaba vyatumye nubu ariwo uguma kw’isonga mw’iryo higanwa.

Iyo ntsinzi yatumye uwo murwi wa Aigle Noir ushikana ibitsindo 49 mu nkino 19 murizo ukaba umaze gutsinda inkino 15,ivyo biruko nkuko vyabaye k’umurwi wa Messager Ngozi mw’ihiganwa ryo ku mwaka uheze aho mu nkino 19 warumaze gutsinda inkino 15 bica bituma uruhukira gutwara ico gikombe.

Inkino zitegekanijwe gukinwa kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Kigarama umwaka wa 2018,n’urukino ruza guhuza umurwi wa Atletico Olympique na Les Lierres igihe c’isaha indwi n’inusu ku kibuga citiriwe umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE,kuriyo saha nyene ku kibuga co mu Ruyigi Flambeau de l’Est ukina n’umurwi wa Messager Ngozi.

Izindi nkino zitegekanijwe kuruno musi nyene n’uruhuza umurwi wa Aigle Noir na Kayanza United,umurwi wa Ngozi City nawo ukine n’umurwi wa Vitalo’o Fc,Flambeau du centre uhure na Buja City ,Olympique Star nawo ukine n’umurwi wa LLBS4A ku kibuga c’i Muyinga mu gihe umurwi wa Rukinzo Fc uza gukina n’umurwi wa Musongati Fc igihe c’isaha icumi ku kibuga citiriwe umuganwa Rudiviko RWAGASORE.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!