PRIMUS LIGUE : Umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga inyuma yo gutsinda umurwi wa LLBS4A

Umurwi wa Aigle Noir niwe uza mu kibanza ca mbere n’amanota 54 inyuma yo gutsinda umurwi wa LLBS4A ibitsindo kuri 1 ku ndwi ya 22 w’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue.

Umurwi wa Musongati FC naho watsinzwe igitsindo kimwe k’ubusa n’umurwi wa Vital’O FC uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 42 mu gihe Vital’O FC nayo iza mu kibanza ca 3 n’amanota 37.

Mu nkino zabaye mu mpera z’iyi ndwi,umurwi wa Rukinzo watsinzwe igitsindo 1 n’umurwi wa Bumamuru,Messager Ngozi itsinda messager Bujumbura ibitsindo 5 kuri kimwe ,Atletico Olympique yatsinze ibitsindo 3 umurwi wa Olympique Star,mu gihe umurwi wa Flambeau de l’Est watsinzwe n’umurwi wa Flambeau du centre ibitsindo 2 kuri 1.

Muriyo ndwi ya 22 nyene, umurwi wa Kayanza United watsinzwe na Buja City ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe umurwi wa Les Lierres watsinze Ngozi City igitsindo 1 k’ubusa bw’umurwi wa Ngozi City.

Inyuma y’izo nkino uko imirwi ikurikirana inyuma y’imirwi ya Aigle Noir,Musongati Fc na Vital’O FC iza mu bibanza 3 vya mbere,mu kibanza ca kane gushika kuca 16 imirwi ikurikirana uku gukurikira,Buja City,Messager Ngozi,Ngozi City,Rukinzo FC,Kayanza United,Les Lierres,Bumamuru FC,Flambeau du centre,Atletico Olympique,LLBS4A,Flambeau de l’Est,Olympique Star hamwe n’umurwi wa Messager Bujumbura uza mu kibanza ca 16 arico ca nyuma.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!