Pierre NKURUNZIZA :« sijewe wogutwara Uburundi jenyene kuko umugambwe CNDD FDD uragutse »

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA aremeza ko atazokwitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020 kuko siwe yotwara Uburundi wenyene kuko umugambwe aturukamwo CNDD FDD wagutse urimwo abagabo bijunja n’ijambo ingingo boshobora gutwara neza mbere no gusumvya uko we atwara.

Ivyo yabivuze mu kiganiro catunganijwe ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama umwaka wa 2018,aho yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu akaba yavuze ko ingingo yo kutazokwitoza murayo matora yayifashe bivanye nuko azirikane igihugu ciwe uko azirikana ico ari hamwe n’ico abwirizwa gukorera igihugu ciwe atari ingingo yafashe abanje kubaza umugambwe wiwe CNDD FDD.

Uwo mukuru w’igihugu yavuze ati : « Irya ngingo nafashe yo kutazokwitoza mu matora ya 2020 niyo ngingo ibereye umukuru w’igihugu,Pierre NKURUNZIZA siwe yotwara Uburundi wenyene kuko umugambwe uragutse urimwo abagabo bijunja n’ijambo. »

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko azokubaha umugambwe CNDD FDD yongere awukorere kuko wamukujije wongera uramurera kugeza naho umuramura ubu hageze ko nawe aramura abandi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!