Primus Ligue:Uko imirwi igiye guhura ku ndwi ya 26 vyashizwe ahabona

Inkino z’igikombe ca Primus Ligue zigiye kubandanya ku ndwi yayo ya 26,aho umurwi wa Rukinzo FC uza guhura n’umurwi wa Flambeau de l’Est kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019 igihe c’isaha indwi n’inusu z’umutaga ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,umurwi wa Bumamuru FC uhure n’umurwi wa Vital’O FC uno musi nyene igihe c’isaha icumi kurico kibuga nyene.

Urundi rukino rutegekanijwe kuruno wa kabiri nyene n’uruja guhuza umurwi wa Messager Ngozi hamwe n’umurwi wa LLBS4A igihe c’isaha icenda z’umutaga ku kibuga Urukundo c’i Ngozi.

Inkino zitegekanijwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2019,n’uruzohuza umurwi wa Les Lierres na Bujumbura City igihe c’isaha indwi n’inusu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore,Messager Bujumura izohura na Kayanza United kurico kibuga nyene igihe c’isaha 10 z’umuhingamo mu gihe ku kuruwo musi nyene ku kibuga c’i Gitega hazoba hariko habera urukino ruhuza Aigle Noir hamwe n’umurwi wa Olympique Star igihe c’isaha indwi z’umutaga.

Kuriryo genekerezo nyene rya 6 Ntwarante 2019,Musongati FC izohura na Flambeau du Centre ku kibuga c’i Gitega igihe c’isaha icumi mu gihe Ngozi City izotana mu mitwe n’umurwi wa Atletico Olympique igihe c’isaha icenda z’umutaga ku kibuga Rukundo mu ntara ya Ngozi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!