RDC : Amatora mu bice birangwamwo umutekano muke yungurujwe mu kwezi kwa Ntwarante 2019

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wamenyesheje kuruno wa gatatu igenekerezo rya 26 Kigarama 2018 ko ibice vyo muri zone Beni,zone hamwe n’ibice vya zone Butembo mu ntara ya Kivu ya Ruguru hamwe n’ibice vyahitwa Yumbi mu ntara ya Mai-Ndombe bizotunganirizwamwo amatora mu kwezi kwa Ntwarante umwaka wa 2019.

Mw’itangazo ryasohowe n’uwo murwi ujejwe gutunganya amatora murico gihugu rivuga ko murivyo bice birangwamwo umutekano muke amatora yarategekenijwe ku musi w’Imana igenekerezo rya 30 Kigarama 2018 murivyo bice azoba ayihariye mu kwezi kwa gatatu ku mwaza uza wa 2019.

Ibikorwa vyo gutegura amatora murico gihugu vyagiye birangwamwo uguhangana hagati y’abatavuga rumwe na Reta hamwe n’abajejwe umutekano gushika naho hadutse umuriro mu bubiko bw’ibikoresho vyo mu matora gushika aho ibitari bike vyononekara bihiye.

Vyari bitegekanijwe ko amatora atunganywa mu mwaka wa 2016 ariko aca yungururizwa inyuma y’imyaka 2.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Aimable
    2018-12-27 12:13:44

    nayo azaba rwose