RDC : Martin FAYULU aragabisha umurwi ujejwe amatora niyo utashira ukuri ahabona

Martin FAYULU yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yagabishije umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora murico gihugu kudahirahira ngo unyegeze ukuri kubijanye n’ivyavuye mu matora mu gihe hibonekeza ukutumvikana kubera ugucererwa gushikiriza ivyayavuyemwo.

Martin FAYULU yavuze ko abanyagihugu b’igihugu ciwe bamaze kumenya ivyavuye mu matora yatunganijwe kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2018 kandi ko ivyayavuyemwo bidashobora kuganirwako.

BBC ivuga ko umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora murico gihugu , Corneille Nangaa, yaheruka kuvuga ko amajwi ya bimwe mu bibanza vyabereyemwo amatora atari bwaharurwe.

Mu gihe hari icuka kibi kibandanya gukwira mu gihugu kubera uko gucererwa gutanga ivyavuye mu matora uwo mukuru w’umurwi utegura amatora yasavye abantu bose kurindira ivyayavuyemwo bihanganye.

Vyari bitegekanijwe ko ivyavuye mu matora bitangazwa inyuma y’indwi ayo matora abaye kw’igenekerezo rya 6 Nzero umwaka wa 2019 ariko bica vyungururizwa ku rindi sango.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!