RDC : Reta ya Kongo yanse ivyasabwe n’ubumwe vya Afrika

Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yanse kwemera ingingo yasabwe mu nama y’Ubumwe bwa Afrika ijanye no kwigizayo ikiringo co gutangaza ibiharuro ntabanduka vyavuye mu matora yatunganijwe kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2018 murico gihugu.

Umuvugizi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Lambert Mende yamenyesheje ko ata reta nimwe canke ishirahamwe ryariryo ryose bifise uburenganzira bwo gutegeka inzego zijejwe gutunganya amatora murico gihugu mu kuzereka ivyo zokora.

Mu nama yatunganijwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ku bijanye n’ikibazo ca Kongo,Moussa Faki Mahamat arongoye iryo shirahamwe yavuze ko naho igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo gitekanye gushika ubu impungenge zuko umutekano ushobora guhungabana ziriho kandi n’impungenge zo kumenya nimba ibiharuro vyatangajwe muvyavuye mu matora vyisunze ukuri.

Ibihugu vyari vyitavye iyo nama ijejwe kwiga ibibazo vyo kubisikanya mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ni Angola, Tchad, Uganda, Afrika y’epfo, Etiyopiya hamwe n’igihugu ca Namibiya.

Umugwi ujejwe gutunganya amatora watangaje ko Felix Tshisekedi ariwe yatsinze amatora vy’imfatakibanza ku majwi 38 n’ibice 5 kw’ijana akwirikirwa na Martin Fayulu ku majwi 34 n’ibice 7 kw’ijana uwaserukiye umugambwe uri k’ubutegetsi ariwe Emmanuel Ramadhani Shadary aronka amajwi 23 n’ibice 8 kw’ijana. ariko Martin Fayulu yemeje ko ariwe yatahukanye intsinzi asaba ko basubira guharura gushasha ivyavuye mu matora.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!