RDC :Umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yatanguriye urugendo rwiwe rwa mbere muri Angola

Umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo, yatanguriye urugendo rwiwe rwa mbere rw’akazi i Luanda mu gihugu ca Angola kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2019 muvyo ategekanya akaba ari kugendera n’ibindi bihugu 2 vyo mu karere igihugu ciwe giherereyemwo.

Reta y’igihugu ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yavuze ko uwo mukuru w’ico gihugu azakuba yagiye i Luanda muri Angola kuruyu wa kabiri aho ategekanya kuganira na mugenzi we wa Angola João Lourenço.

Mururwo rugendo rw’akazi,umukuru w’igihugu Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo ategekanya ko kumusi wa gatatu azoba ari mu gihugu ca Kenya aho azoganira na mugenzi we Uhuru Kenyatta, hanyuma azoce aheraheza urugendo rwiwe mu gihugu ca Kongo-Brazzaville, aho azobonana na Denis Sassou-Nguesso atwara ico gihugu.

Kongo Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo yarahiriye kuba umukuru w’igihugu wa Reta Iharanira intwaro rusangi ya Kongo kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2019 akaba abaye umukuru w’igihugu wa 5 w’ico gihugu ariko akaba abaye umukuru w’igihugu wa mbere agitwaye habaye ukubisikanya ku mugaragaro n’uwahora agitwara ariwe Joseph Kabila.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!