Rumonge : Amazu ataramenyekana igitigiri yaratwawe

Amazu ataramenyekana igitigiri hamwe n’ibintu nivyo vyaraye bisambutse kuruno wa kane igenekerezo rya 22 Munyonyo umwaka wa 2018 mu gisagara co mu ntara ya Rumonge inyuma y’imvura nyinshi yaguye.

Amakuru ava mu bantu baba aho mu gisagara ca Rumonge amenyeshako amazu atari make yasambutse,ibintu vyo mu mazu navyo biratwaga ubu benevyo basigaye bifumbereje kuko ataco bagisigaranye.

Melance BIVAKUMUREMYI aba aho mu gisagara ca Rumonge avuga ko igice cabangamiwe cane niyo mvura ari karitiye yitwa Mugerangabo aho akagezi gaca hagati y’iyo karitiye kuzuye amazi aca asesekarira mu mihana y’abantu.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!