Rutana : Abagirizwa gukwiragiza amafaranga ya magendu baciriwe urubanza

Abantu 3 bagirizwa gukwiragiza amafaranga ya magendu baciriwe gufungwa umunyoro w’impaga w’imyaka 15 hamwe no gutanga ihadabu y’amafaranga ibihumbi 500 umwe umwe.

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako abo bantu 3 ari Dieudonne NDIHOKUBWAYO,Edith NDUWARIGIRA hamwe n’uwitwa Jean Claude NDABARUSHIMANA.

Ayo makuru abandanya avuga ko niyo abo batatu batatanga ayo mafaranga bazoca bafungwa mu kiringo c’amezi 6 asubirira iyo hadabu.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!