SYNAPA na SNTS ariyamiriza umugambi wo kuyasambura

Amashirahamwe SYNAPA na SNTS aserukira abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida ariyamiriza umugambi wo kuyasambura biriko bikorwa n’abakoresha bo murico gisata biciye mu bashinga hamwe no kwinjiza ku nguvu abakozi muri sendika nshasha yitwa SYNAPS.

Mu kiganiro abarongoye sendika SYNAPA na SNTS bahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma umwaka wa 2019,bamenyesheje ko abakozi bose bahurikiye murayo masendika abiri batera ivyatsi uwo mugambi kuko amategeko ategekanya ko isendika ishirwaho n’abakozi ubwabo atari abakoresha bayishiraho.

Mariya BUKURU arongoye sendika SNTS avuga ko umuntu yinjira muri sendika k’ubushake bwiwe ariko ikibabaje aruko iyo sendika iriko ishingwa n’abakoresha yinjiza abakozi ku nguvu.

Mariya BUKURU yavuze ati :“Ntibikurikije amategeko kuko amasendika ashingwa n’abakozi akaba aribo bayitorera,nta mukoresha canke reta ivyinjiramwo ndetse nta mukoresha arekuriwe gushinga sendika kandi nta mukozi ayishirwamwo ku nguvu. ”

Uwo arongoye sendika SNTS avuga ko iyo sendika SYNAPS batazokwigera bayemera kuko ata sendika ishingwa n’abakoresha.

Kubwa Melance HAKIZIMANA arongoye sendika SYNAPA avuga ko bamwe mubariko bakora kugira ayo mashirahamwe abiri asamburwe ari bamwe mu bayobozi b’ibisata vyo murubwo bushikiranganji,bamwe mubarongoye intara z’ubuvuzi hamwe na bamwe mu barongoye uburere bw’ubuvuzi.

Yaba Melance HAKIZIMANA arongoye sendika SYNAPA canke Mariya BUKURU arongoye sendika SNTS bose basaba urwego rukuru ruraba akarangamutima k’uwo mwuga gufasha ibintu bikiri hafi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Kamwenubusa louis
    2019-02-08 00:17:07

    Message None nikuberiki mwiyamiriza uwomugambi ?