Silas NTIGURIRWA asaba abanyagihugu ba komine Muha kugwanya ibihuha

Umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano Silas NTIGURIRWA asaba abanyagihugu bo muri komine ya Muha kugwanya ibihuha mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka wa 2020.

Ivyo yabishikirije mu nama yatunganije n’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano mu ntumbero yo gukahiriza ubwenge abajejwe intwaro muri komine ya Muha kubijanye no guteza imbere umutekano w’igihugu ,gutanga amakuru akinga,gukinga igihugu hamwe no kugwanya ibihuha mu gihe c’amatora.

Muriyo nama ,musitanteri wa komine Muha Daniel KABURA yashikirije ko ibikorwa bijanye no kunywa ibiyayuramutwe hamwe no kunywa inzoga zitemewe n’amategeko biri mu bituma umutekano uhungabana muriyo komine arongoye.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!