Tanzaniya :Freeman Mbowe na Esther batavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya barekuwe

Abakuru b’umugambwe CHADEMA utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Reta ya Tanzaniya barekuwe na sentare nkuru y’ico gihugu inyuma yaho bapfunzwe bagirijwe kugumura abanyagihugu.

BBC ivuga ko abarekuwe ari Freeman Mbowe hamwe na Esther Matiko bakaba bari bafunzwe mu mwaka uheze bagirijwe guhamagarira abantu gukora ubwicanyi hamwe no gutegura amanama atemewe n’amagegeko.

Umucamanza w’iyo sentare yamenyesheje ko abo banyeporitike barekuwe kuko uburenganzira bw’abo bwahonyanzwe bankiwe kurekurwa vy’agateganyo.

Freeman Mbowe hamwe na Esther bafashwe mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze wa 2018 inyuma y’imyiyerekano yari yatunganijwe mu ntango z’uwo mwaka aho muriyo myiyerekano hishwe umunyeshure yafashwe n’urusasu bivugwa ko rwataye inzira rurekuwe n’abaporisi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!