UNESCO isaba ko hatunganywa ibiganiro biteza imbere umukenyezi

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inyigisho hamwe n’imico kama UNESCO risaba abamenyeshamakuru gutunganya ibiganiro bidakumira mu mwuga wabo kugira bifashe guteza imbere umukenyezi mu kazi kiwe ka misi yose.

Ivyo vyashikirije n’uwaserukiye UNESCO mu nyigisho zo gukarihiriza ubwenge zatanzwe ku bamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019 zijanye no gutunganya ibiganiro bifasha guteza imbere umukenyezi.

Uwo yaserukiye UNESCO murico gikorwa yavuze ko ico bipfuza aruko amaradiyo yaronkejwe izo nyigisho yoba ayo fatirwako akarorero mu gufasha gukuraho ivyiyumviro bijanye no gukumira abakenyezi mw’ibi canke biriya ariko akwiye kuzokwereka ayandi uko hotunganywa ibiganiro bidakumira.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru ,Frederic NAHIMANA yavuze ko reta y’Uburundi izokora ibishoboka kugira ishigikire ivyo vyose bizoba bijanye no gutunganya ibiganiro biteza imbere umukenyezi.

Frederic NAHIMANA yasavye abatunganije izo nyigisho gukora ibishoboka kugira abamenyeshamakuru bariko baronswa izo nyigisho bazotahe bazi gutunganya ibiganiro bidakumira.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!