USA :Donald Trump asaba igisirikare ca Venezuela guhabuza igihugu

Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump asaba igisirikare c’igihugu ca Venezuela kuva inyuma y’umukuru w’igihugu Nicolás Maduro mu ntumbero yo guhabuze ico gihugu.

BBC ivuga ko mw’ijambo umukuru w’igihugu Donald Trump yashikirije ari mu gisagara ca Miami yavuze ko isi yose ihanze amaso abantu bose bashigikiye Nicolas Maduro kandi ababikora bariko bashira mu kaga kazoza kabo.

Donald Trump yavuze ko intwaro iriho muri Venezuela ariya gahotoro kandi umukuru w’ico gihugu ari igikoresho c’igihugu ca Cuba kandi akaba arakarwi k’abasuma gusa.

Uwo mukuru w’igihugu wa Amerika yasavye igisirikare ca Venezuela gukingira abari mu myiyerekano batemera ubutegetsi bwa Nicolas Maduro hamwe no gukingira Juan Guaidó bivurwa ko ariwe yatsinze amatora.

Umukuru w’igihugu Nicolas Maduro wa Venezuela yavuze ko yiyamiriza ivyashikirijwe na Donald Trump kandi igisirikare ciwe kizoguma gisenyera ku mugozi umwe.

Umukuru w’igihugu ca Venezuela yaranse gutanga imihoho canke gutunganya ayandi matora, nk’uko bibandanya bisabwa n’amakungu .

Juan Guaidó aheruka gushikiriza ko azohagarikira amatora mashasha aho asigura ko ayabaye mu mpera z’umwaka wa 2018 yahaye intsinzi Nicolas Maduro kandi yaranzwe n’utunenge hamwe n’ubusuma bwinshi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!