USA : Umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze imihoho

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Jim Mattis yatanze imihoho murayo mabanga akaba yashikirije urwandiko rwo kuva mu mabanga yarajejwe umukuru w’igihugu Donald Trump.

Mw’ikete Jim Mattis yashikirije umukuru w’igihugu Donald Trump yavuze ko ugutanga imihoho kwiwe kwavuye kukutumvikana hagati n’umukuru w’igihugu kubijanye n’imigambi n’imigabo afise itandukanye ni ya Donald Trump.

Uyo mushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika atanze imihoho inyuma y’imisi mike umukuru w’igihugu Donald Trump ashikirije ijambo ritumvikanyweko na benshi rijanye no gukura abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihugu ca Siriya.

BBC ivuga ko abanywanyi benshi b’umugambwe wa Republicain bafashe iyo ngingo yuwo mushikiranganji n’uburemere bwinshi ku cizere n’igihagararo bari bamufitiye.

Donald Trump abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur yavuze ko yiteguye gushiraho vuba uwundi mushikiranganji agiye kumusubirira mu mabanga kandi Jim Mattis mu mezi ari imbere y’umwaka uza agiye kuja mu buzima busanzwe ariko azogumana icubahiro ciwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!