Ubufaransa : Umuririmvyi Chris Brown yarekuwe

Igiporisi co mu gihugu c’Ubufaransa camenyesheje ko carekuye umuririmvyi wo mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika Chris Brown inyuma yaho afatiwe ku musi wa mbere w’iyi ndwi umugore w’imyaka 24 amutangiye ibirego ko yamuhohoteye mw’ihoteri ku murwa mukuru w’Ubufaransa.

Amakuru yatanzwe n’igiporisi yavuze ko Chris Brown ataco arerwa kubijanye no guhohotera bishingiye ku gitsina uwo mugore ari ibiro vy’umucamanza vyavuze ko ribandanya kurondera ivyemeza bijanye n’iryo fatwa ku nguvu.

Chris Brown arekuwe yavuze ko ata kibi yakoze kuko uwo mugore ivyavuga ari kubesha kandi biciye kubiri n’imibereho yiwe ya misi yose.

Uwuburanira uwo muririmvyi yavuze ko uwo aburanira yagaragaje yongera arashira ahabona ko ata kimwagira kandi ategekanya gusaba indishi y’akababaro kubera ivyo yabeshewe.

Bivugwako ibi birego vyagiriza Chris Brown vyoba vyabaye kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2019 bibereye kw’ihoteri yitwa Mandarin Oriental iri mu gisagara ca Paris.

Subwa mbere umuririmvyi Chris Brown afatwa yagirijwe guhohotera abantu,mu mwaka wa 2009 yarafunzwe yagirijwe gukubitira mu modoka umuririmvyi Rihanna bahoze bakundanye mu gihe mu mwaka wa 2016 naho yafashwe yagirijwe gukubita akoresheje ikigwanisho umugore yabwiye igiporisi ko yamuhohoteye.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!