Uganda :Umugambwe NRM watoye Museveni kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni yagenywe n’umugambwe wiwe usanzwe uri k’ubutegetsi murico gihugu NRM kugira azowuserukire mu kiringo kigira gatandatu mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora azoba mu mwaka wa 2021.

BBC ivuga ko umugambwe uri k’ubutegesti muri Uganda NRM "National Resistance Movement" mu nama yawo watunganije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019 wumvikanye ko Yoweri Kaguta MUSEVENI abandanya arongoye uwo mugambwe gushika mu mwaka wa 2021 n’inyuma yaho kugira azofashe mu gutorera inyishu zituma hataba ibihinduka muriwo.

Mu mwaka wa 2017,itegeko rikuraho imyaka ntarengwa y’amavuka k’umuntu yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ryaremejwe bituma biha amahirwe uwo mukuru w’igihugu kudakumirwa kwitoza mu gihe iryo tegeko ritemerera uwufise imyaka irenga 75.

Bamwe mu biyamiriza iryo tegeko ryahinduwe baritwaye muri sentare ntahinyuzwa y’ico gihugu urwo rubanza rukaba rwatanguye kwumvirizwa mu kwezi guheze kwa Nzero uwu mwaka wa 2019.

Yoweri Kaguta MUSEVEI afise imyaka 74 akaba yagiye k’ubutegesti mu mwaka w’i 1986, niyo yitoza agatsinda azoba atwaye ico gihugu mu kiringo kigira 6.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!