Umugambwe CNDD FDD uvuga ko ata muntu arakumirwa mu biganiro.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako ata murundi numwe arakumirwa mu biganiro mu nama zose zimaze gutunganywa kiretse uwukumirwa n’amategeko.

Evariste NDAYISHIMIYE yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho yavuze ko Reta atako itagize kugira ibiganiro bijemwo bose harimwo nabo hanze y’igihugu kuko yashitseyo barashikiriza iryo bagona bituma na bamwe muribo batahuka mu gihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko abanyeporitike batarataha baba bafise ivyo bipfuza bashaka kuronka bashitse mu gihugu iciza aruko mu gukina poritike umuntu atoshira imbere inyungu uzoronka ahubwo boshira imbere icoteza imbere abanyagihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ikijanye n’ibiganiro cagizwe umugenzo mu gihugu c’Uburundi ari naco gituma hagiyeho ihuriro ry’imigambwe kugira n’abanyeporitike bahurikiye mu migambwe itandukanye baze barahura baganira.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!