Umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wankiwe kwemerwa mu gihugu

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu bwankiye kwemerera umugambwe mushasha « FNL AMIZERO Y’ABARUNDI »umushingamateka Agathon RWASA yari yarasavye ko wokwemerwa.

Mw’ikete inomero 530/2276/CAB/2018 umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunga igihugu yandikiye umushingamateka Agathon RWASA kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo umwaka wa 2018,Pascal BARANDAGIYE avuga ko bamaze kwihweza ibiri muvyo batanze kugira umugambwe wabo wemererwe basanze ibimenyetso hamwe n’icivugo cuyo mugambwe bisa n’ivyuwundi mugambwe usanzwe wemewe n’amategeko mu gihugu.

Pascal BARANDAGIYE avuga ko ingingo ya 27 y’itegeko rigenga imigambwe ridakwirikijwe amategeko mu gihe ivuga ko ata mugambwe numwe ushobora kwiyitirira izina ry’uwundi mugambwe canke ibindi bimenyetso vy’uwundi mugambwe.

Umushingamateka Agathon RWASA yandikiye ubushikiraganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 asaba ko umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wemerwa mu gihugu.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • EGIDE MBONIMPA
    2018-11-24 21:35:05

    Nibamurek akore non ko za nyakuri zo bazemerey simbona amazina asa

  • MIBUROFREDERIC
    2018-11-19 17:45:00

    NIBAMUREKE.RWASAIVYOBAVUGA.NGOUMUGAMBWEWIWE.NGUHUJEIBIRANGO.NUBWOBABAFISE.KO2020AZOBAKUBITA.INCURO.MURAKOZE