Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga iki ku migenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ?

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako afise icizere ko imigenderanire y’igihugu c’Uburundi hamwe n’igihugu c’Urwanda ishobora kunaguka ikamera neza kandi biri muvyo bipfuza iyo migenderanire ikamera neza kuko iyo abantu babanye neza bifasha.

Mu kiganiro catunganijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama 2018 aho umukuru w’igihugu yishura ku bibazo vy’abameyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko icizere kiriho kugira iyo migenderanire izogende neza kuko ikintu cose gifise intango n’iherezo.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ico cizere bafise ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ishobora kugenda neza,bizotuma n’ibindi bibazo vyo muri kahise hagati y’ivyo bihugu bibiri bitorerwa umuti.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga kandi ko abarundi bose borema kuko ikibazo carico cose gishobora kubaho ariko kirateba kigahera.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • N.Z
    2019-01-17 11:49:39

    nimwirambire batama bacu twebwe abanyu tubari inyuma

  • Ndayikeza,erik
    2019-01-14 19:07:21

    Message,ivyobintukwel ?Nivyo

  • Muvugakuri
    2019-01-11 19:50:06

    vyoba vyiza twiyunze tukaja hamwe nka mbere mugabo ikibazo cabagomvye gutembagaza ubutegetsi bacigeko bagitorere inyishu vyarivyo murakoze.