Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ubumwe bw’abarundi bwamyeho kuva ku ntwaro ya cami

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako ubumwe bw’abarundi bwamyeho kuva Uburundi bukiremwa kandi no ku ntwaro ya cami bwamenyeho mu gihugu ariko mu gihe c’abakoroni ariho bwaciye buhungabana bamaze kuvangura abarundi.

Ivyo yabishikirije kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2019 i Gitega ku murwa mukuru wa poritike w’Uburundi aho hibukwa imyaka 28 iheze hatangujwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko ubumwe bw’abarundi bwasambuwe n’abakoroni kuko aribo babivye amacakubiri hagati y’abarundi ariko iciza aruko gushika ubu igikuru aruko abarundi babitahuye.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yasavye ko ubumwe bwogaragarira mu bikorwa amajambo akaja k’uruhande.

Ivyo birori vyo kwibuka imyaka 28 iheze hatangujwe amasezerano y’abarundi vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe ku cibutso c’ubumwe bw’abarundi co mu ntara ya Gitega,bamwe mubari bitavye ivyo birori akaba ari abashingamateka batandukanye,abakenguzamateka,abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira amashengero hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, abasirikare bakuru hamwe n’intwazangabo mu giporisi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • MBONIHANKUYE Ferdinand
    2019-02-06 09:48:18

    nivyo ko bwoba bwasambuwe n’abakoloni ;none tumaze kubiboona twebwe nkabarundi bakunda igihugu twakoze iki kugira ntiturwe mwuwo mutego ?aho ntitwoba twarbasukiye mucoze kugirango ubumwe bwacu bubandanye gusambuka ?