Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano Umukuru w’igihugu ca Somariya

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019 umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi muvyo baganiriye hakaba harimwo ibijanye n’imigenderanire muvy’ubutunzi hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed yashimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gikorwa ingabo z’Uburundi zikora zijanye no kwitanga mu kugarukana amahoro murico gihugu ca Somariya.

Umukuru w’igihugu wa Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed yashitse mu gihugu c’uburundi kuruyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2019 akaba yasubiye inyuma k’umutaga wo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • ntakugugumwa
    2019-02-25 14:13:26

    tubari inyuma batama bacu na cane cane twebwe imbonerakure

  • Nkunduburundi
    2019-02-20 17:32:41

    Abo bakuru b’ibihugu bose Imana ibahezagire