Umukuru w’igihugu yakoranije inama nshikiranganji

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Kigarama umwaka wa 2018 zimwe mu nteguro z’amategeko zari k’urutonde akaba ari integuro y’itegeko ijanye n’ubutunzi bukoreshwa n’ikomine hamwe n’integuro y’itegeko igenga ugushinga imitahe mu Burundi.

Izindi nteguro z’amategeko zari k’urutonde rw’ivyigwa n’iyo nama nshikiranganji yakoranijwe n’umukuru w’igihugu hariho integuro y’itegeko igenga gushiraho amategeko ngenderwako kubaforoma hamwe no kwiga ibijanye no gusubiramwo amabarabara.

Muriyo nama nshikiranganji hizwe kandi integuro y’itegeko igenga kubuza gutera igiti c’umukaratusi mu masoko no mu mariba hamwe n’utuntu n’utundi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!