Umukuru w’igihugu yatanze inyigisho kubakozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’ubutungane

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze inyigisho zo kuzirikana igihugu kuruno wa gatanu igenekerezo rya 2 Munyonyo 2018 ku barongoye abandi mu butungane, mu mabohero hamwe n’abandi bakozi batandukanye bakorera mu bushikiranganji bw’ubutungane.

Zimwe mu nyigisho zatanzwe murabo bakorera mu gisata c’ubutungane zijanye n’itunganywa rijanye no gutunganiriza abitura ubutungane hamwe n’inyigisho zijanye n’akarangamutima k’abacamanza.

Izo nyigisho zijanye no kuzirikana igihugu umukuru w’igihugu ariko ashikiriza abakozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’ubutungane zabereye mu ntara ya Kayanza.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!