Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yahaye umubonano mugenzi we w’igihugu ca Kenya

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Justin MUTURI muvyo baganiriye akaba ari ibijanye no gufashanya hamwe n’imigenderanire hagati y’izo nama nshingamateka uko ari zibiri.

Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yavuze ko mu mubonano wabo bavuze ko imigenderanire hagati y’izo nama nshingamateka uko ari zibiri yamye ari myiza kuva kera bikaba vyibonekeje mu bikorwa bitandukanye.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga kandi ko umukuru w’inama nshigamateka y’Uburundi na n’umukuru w’inama nshingamateka ya Kenya baganiriye kubijanye n’ubudandaji hamwe n’ivyo guhanahana ubumenyi « échange d’experience ».


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!