Umukuru w’inama nshingamateka yuguruye inkino zigira 9 zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka za EAC

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yuguruye k’umugaragaro inkino z’igira icenda zihuza inama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu bihurikiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko EAC aho yavuze yuko kubona inama nshingamateka y’Uburundi yakiriye izo nkino vyerekana ko mu gihugu hari amahoro.

Mw’ijambo ryiwe ko kugurura k’umugaragaro izo nkino zihuza inama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko,Pascal NYABENDA yavuze ko iruhande y’inkino zizokinwa ari akaryo ko kuranga amahoro ,ubumwe,agateka ka zina muntu hamwe no gushira hamwe.

Ibihugu vyitavye izo nkino hariho Kenya,Tanzaniya,Ubuganda hamwe n’igihugu c’Uburundi cazitunganije bamwe mu bari bitavye ivyo birori vyo kuzugurura k’umugagaro hakaba hari umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya Justin MUTURI,umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Tanzaniya,umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi,uwaserukiye igihugu ca Sudani y’epfo,abashingamateka batandukanye hamwe n’abakenguzamateka bo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi cakira izo nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko inyuma yizo mu mwaka wa 2011 zimwe mu nkino zitegekanijwe kuzokinwa akaba ari umupira w’amaguru,imipira y’amaboko volleyball,basketball,handaball,netball,Golf hamwe no kwiruka .

Ibibuga bitegekanijwe kuzoberako izo nkino n’ikibuga citiriwe umuganawa Rudoviko Rwagasore,Ikibuga ca ENS,ikibuga Olympique,Cercle Hippique hamwe no ku bibuga vy’ubushikiranganji bujejwe imico kama n’inkino.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!