Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abisiramu kw’isi agiye kugendera Uburundi

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA amenyeshako umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abisiramu kw’isi Mohammed Bin Abdoul Karim Al ISSA azogendera igihugu c’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika 19 Nzero 2019 aho murico kiringo ategekanya gukora ibikorwa bitandukanye.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA

Mw’itangazo umuhuza w’abarundi yashikirije kuruno wa kane igenekerezo rya 10 Nzero 2019,Edouard NDUWIMANA yavuze ko bimwe mu bikorwa uyo munyamabanga mukuru wa Isiramu azorangura ari nk’ibijanye no gufasha mu gikorwa co kuvura amaso abarwayi 250 bazokorwa ku buntu,gutanguza umugambi wo gukwiragiza amazi meza aho amasoko 50 y’amazi azokubakwa.

Ibindi bitegekanijwe gukorwa n’uwo munyamabanga murico kiringo ni kugendera no kumviriza ibibazo bihanze abamenyeshamakuru bo mu Burundi hamwe no gushigikira abatishiboye mu kububakira inzu hamwe no kubaronsa imfashanyo zitandukanye.

Bitegekanijwe ko Mohammed Bin Abdoul Karim Al ISSA azoganira n’abarongozi batandukanye b’igihugu hamwe n’abarongoye amadini kubijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Arabie Saoudite.

Ibiro vy'umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA

Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!