Umurwi CNTB uvuga ko mu mezi 6 aheze amadosiye 649 yaherahejwe

Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationale des terres et autres biens.) umenyeshako mu kiringo c’amezi atandatu arangiye amadosiye 649 ariyo yaherahejwe mu gihe amadosiye 803 nayo yaherahejwe yongera arashirwa mu ngiro mu gihugu cose.

Mu kiganiro umuvugizi w’uyo murwi yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 28 Munyonyo 2018,Dieudonne MBONIMPA avuga ko intara za Makamba na Rumonge zifise igice kirenga c’amatati y’amatongo ari mu gihugu ari naco gituma murayo mezi atandatu arangiye uyo murwi wakoreye cane murizo ntara.

Dieudonne MBONIMPA avuga kandi ko intara za Rumonge na Makamba zifise amatati arenga ibihumbi 15 zonyene ku matati ibihumbi 22400 ari mu gihugu.

Uyo avugira umurwi CNTB avuga ko murico kiringo nyene ihegitari 390 ya reta yari yanyazwe n’ishirahamwe SODEA yasubijwe mu maboko ya Reta .

Ingorane uyo murwi uhura nazo mu gihe uriko urangura ibikorwa vyawo nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wawo ni nk’izijanye nk’abantu babesha uyo murwi kw’amatongo ari rwabo kandi bafise ibiyaranga bitarivyo ,ingorane z’abagagaza mu kwanka gushira mu ngiro amategeko y’umurwi CNTB hamwe n’abantu batitaba mu gihe uyo murwi uba wabatumiye.

Dieudonne MBONIMPA avuga ko bagiye kubandanya bashira imbere kumenya amakuru kugira abantu n’abarongozi barushirizeho gutahura akamaro n’inyungu z’ubutungane bunywanisha mu kibano kugira abahunguka batuganirizwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!