Video : Umurwi w’abantu 4 bafashwe bariko biba abantu

Igisata c’igiporisi kijejwe amatohoza kiragabisha abantu bose ko hariho imirwi y’abantu ikora ubugizi bwa nabi bujanye no kwibisha urwenge abantu bakwiye kuyirinda kugira ntibarwe mu mitego yayo.

Komiseri mukuru w’igiporisi kijejwe amatohoza Emile MANISHA avuga ko mu mirwi imaze gufatwa ikora ubwo bugizi bwa nabi hariho umurwi w’abantu 4 bafashwe kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2019 bariko biba abantu mu kubahenda yuko bafise inzahabu bashaka uwuzibandandariza.

Komiseri mukuru w’igiporisi kijejwe amatohoza Emile MANISHA

Emile MANISHA avuga ko murabo harimwo uwiyita umuzungu hamwe n’umugore yiyita umunyamurengekazi kandi atari rya mbere bafatwa mu bubisha nkubwo kuko uwo mugore ibaye incuro ya 5 afashwe murivyo bikorwa.

Uwo arongoye igisata c’igiporisi kijejwe amatohoza avuga kandi ko abantu 4 aribo bari bamaze kwibwa amafaranga n’abo bantu umwe akaba yaramaze gutwarwa amadorare ibihumbi 5,uwundi imiriyoni 10 y’amarundi,uwundi imiriyoni 4 n’ibihumbi 500 hamwe n’uwundi yatwawe imiriyoni 2 n’ibihumbi 500.

Emile MANISHA abandanya avuga ko uwo murwi w’abo bantu wiba wemeye ko wakoze ubwo busuma usaba yuko worekurwa kugira usubiza ayo mafaranga beneyo.

Murico gisata kijejwe amatohoza bavuga ko hari uwundi murwi ugizwe n’abantu 2 bakorana n’uwitwa Divin BAKUNDUWUKIZE asanzwe ari mw’ibihero rya Gitega aho bakora ubusuma bwo kwiba abantu bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi nka Facebook,WhatsApp n’izindi mu kwiyitirira amazina y’indongozi zimwe zimwe z’igihugu kugira Basabe abantu amafaranga ngo bayarungike biciye mu nzira ya Ecocash kugira bazobaronsa ubuzi.

Murubwo bugizi bwa nabi nyene bumaze imisi bukorwa,Emile MANISHA avuga ko hari n’uwundi yitwa Phocas TWAGIRAYEZU asanzwe asahura amasakoshi y’abagore akoresheje ipikipiki akaba yafatanywe amasakoshi 13 harimwo uburagamuntu hamwe n’udusaho dutoduto tubikwamwo amafaranga.

Kubijanye n’abantu bafatwa bagaca barekurwa Emile MANISHA avuga ko iyo umuntu afashwe agafungwa hari uko amategeko ategekanya ajanye no kumutezurira canke kumurekura igikuru aruko iyo basubiye kumukorera idosiye bamenyesha kwatari rya mbere afashwe.

Uwo arongoye igiporisi kijejwe amatohoza asaba abantu bose boba baribwe amasakoshi kwitura ico giporisi kugira bashobore kubishuriza ivyabo.

Emile MANISHA asaba abantu kwiyubara ntibasubire guhendwa n’abantu babandikiye kuri Facebook canke WhatsApp kuko ata muntu yobura aho adandaza ivyo afise kandi ata muntu wo ku rwego rwo hejuru yotanga akazi abicishije kuri Facebook.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Ndayizeye tiger
    2019-01-16 11:24:46

    Nukuri nibarabe ukuntu bobabakorerako bahanwe hisunzwe amategeko
    Ariko harihakwiye nibihano vyabobantu baja kugura inzahabu binyegeje kuko bibayevyo ntiboba barishe ikori ryareta
    Ikindi nuwonyene abayibwe kuki abijamwo aziko ariforode mworabanabone bagakoregwako.niciyumviro

  • Ndayizeye tiger
    2019-01-16 11:24:46

    Nukuri nibarabe ukuntu bobabakorerako bahanwe hisunzwe amategeko
    Ariko harihakwiye nibihano vyabobantu baja kugura inzahabu binyegeje kuko bibayevyo ntiboba barishe ikori ryareta
    Ikindi nuwonyene abayibwe kuki abijamwo aziko ariforode mworabanabone bagakoregwako.niciyumviro