Umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi watsinzwe na Kenya

Umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi watsinzwe ibitsindo 2 k’ubusa kuruno w’Imana igenekerezo rya 02 Kigarama 2018 n’umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’igihugu ca Kenya muri za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka z’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Umumenyereza w’umurwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi yamenyesheje ko mu myimenyerezo igiye gukwirikira bazokosora amakosa yibonekeje mururwo rukino rwatumye batsindwa.

Uwo mumenyereza avuga ko biteguriye gutsinda urukino ruzobahuza n’igihugu ca Uganda kuko mu misi itatu yo kwitegura izoba neza ihagije kugira uyo musi bazotahukane intsinzi.

Umwe mu bashingamateka akina mu murwi w’Uburundi Denis KARERA avuga ko gutsindwa batsinzwe ariko intumbero yizo nkino atari ihiganwa ahubwo ari uguteza imbere no gushigikira imigenderanire myiza hagati y’ibihugu bigeze umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Denis KARERA yavuze ati :« Uruvye urukino uko ruhejeje kugenda nubwo twatsinzwe igihimbaye nuko twakinye nk’abavandimwe kandi twakinye nkabamaze kunywana ,intsinzi ya mbere ari uko urukino rwagenze . »

Izindi nkino zabaye kuruyu w’Imana muriryo higanwa rihuza amanama nshingamateka na nkenguzamteka z’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko n’urukino rwa Netball k’uruhande rw’abagore aho igihugu ca Uganda catsinze igihugu ca Tanzaniye amanota 35 kuri 14 naho igihugu ca Kenya gitsinda Uburundi amanota 30 kuri 26 y’Uburundi.

Mu rukino rwa Volleyball k’uruhande rw’abagabo igihugu ca Tanzaniya catsinze igihugu ca Uganda amaseti 3 kuri 1 y’Ubuganda mu gihe Uburundi bwatsinze igihugu ca Kenya amaseti 3 kuri 1 ya Kenya.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!