Urunani CODIP rusaba Reta kwongereza inguvu mu vy’umutekano

Inyuma yaho hafashwe imyambaro ya gisirikare mu makambi y’impunzi ya Mtendedeli hamwe na Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, Urunani rw’amashirahamwe CODIP rusaba reta y’Uburundi kwama igavye no kwongereza inguvu mu bijanye n’umutekano.

Mw’itangazo umukuru w’urunani CODIP yashize ahabona kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2019,Deo HABONIMANA avuga ko batangajwe bumvise ko hari imyambaro ya gisirikare yagira itangwe ku mpunzi za Mtendeli hamwe na Nduta nk’imfashanyo.

Deo HABONIMANA avuga ko inyuma y’ico gikorwa hari hinyegeje igikorwa kijanye no kudurumbanya umutekano kuko n’intara izo nkambi zisanzwe zirimwo itari kure cane n’igihugu c’Uburundi.

Uwo arongoye CODIP avuga ko bashimira Reta ya Tanzaniya yafashe ingingo yo kwiyamiriza ico gikorwa yongera kandi ifata ingingo yo kwirukana abakuru b’izo nkambi mu mabanga yabo.

CODIP iheraheza isaba ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR gukora yisunze amasezerano mpuzamakungu hamwe no kwama yibuka aho igeza mu bikorwa vyayo.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • BUSURAHENDE
    2019-01-23 05:16:40

    Tureke gufata ikibazo uko kitari. Iyo CODIP ko itavuga ingene impunzi ziri mu makambi ya Mtendeli na Nduta ziturubikwa n’abariye ico bita "idili" ya Leta y’Uburundi gushika aho barungikira Imbonerakure zisanzwe zararungitswe muri ico gihugu imyambaro ya gisirikare ngo zihungure abantu ku nguvu ? Mbe HCR mwibaza ko atari ishami rya ONU risanzwe rwaremeje ko imbonerakure ari za milices ? Hari ibimenyetso vyinshi vyerekana neza ko idili yariwe uravye ingendo z’abategetsi bakomeye ba Tanzania baheruka kugira i Ngara, Kibondo, Kasulu na Kigoma bahimiriza abanyagihugu bo muri izo ntara guhiga bukware icitwa abanyamahanga ngo bihishije muri izo ntara. Iryo sakwa ko ritabaye mu nzindi ntara zihana imbibe n’ibindi bihugu uretse Uburundi ?
    N’aho iciyumviro canje kitohita, ivyo mvuze ni ukuri kweruye ikinyamakuru Igihe gishobora guhinyuza. Murakoze.