Uwahora ari umumenyeshamakuru w’iradiyo nkuru y’igihugu yagenywe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji

Uwahora ari umumenyeshamakuru w’iradiyo nkuru y’igihugu Thierry KITAMOYA yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu kugira abe umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe kumenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru.

Kubw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/172 ryo kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo umwaka wa 2018 rivuga ko Thierry KITAMOYA agenywe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe kumenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru.

Uwundi yagenywe n’iryo tegeko nyene ry’umukuru w’igihugu ni Therence NTAHIRAJE agiye kuba umunyamabanga ntayegayezwa w’umushikiranganji wo kumenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!