Video : Uwuserukira HCR mu Burundi avuga ko ata mpuzu za gisirikare zatanzwe mu makambi muri Tanzaniya

Umukuru w’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR mu gihugu c’Uburundi Gogo HUKPORTIE amenyeshako ata mpuzu za gisirikare zigezwe zitangwa mu makambi y’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya kandi amatangazo ajanye navyo yarashikirijwe.

Umukuru w’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR mu gihugu c’Uburundi Gogo HUKPORTIE

Mu Kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2019,uwo aserukira HCR mu Burundi Gogo HUKPORTIE avuga ko baronse imfashanyo y’impunzu zingana umuriyoni 1,8 zigenewe gutanga ku mpunzi murizo basanzemwo impuzu nke zifise amabara nki za gisirikare ariko zaciye zikurwa mu zindi zica zishikirizwa abajejwe intwaro muri Tanzaniya mu bice vyegereye aho ayo makambi ari.

Gogo HUKPORTIE avuga ko ubu igihigu ca Tanzaniya kiriko gikora amatohoza kuvyerekeye ico kibazo kandi ibifitiye uburenganzira ubu barindiriye ikizovamwo.

Uwo aserukira HCR mu Burundi atera akamo impunzi z’abarundi guhitamwo ico bipfuza kubushake bwabo HCR ubwayo izobandanya ibafasha kuco bahisemwo haba gutahuka mu gihugu canke bafashe iyindi ngingo.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!